ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 12:49
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 49 Habwirizwa kubaho itegeko rimwe ku mvukira no kuri kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe+.”

  • Abalewi 24:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 “‘Mukwiye kugengwa n’ingingo y’ubutungane imwe. Kavamahanga akwiye kuba cokimwe n’imvukira+, kuko ndi Yehova Imana yanyu+.’”

  • Guharura 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “‘Kandi mu gihe kavamahanga yoba abana namwe ari kavamahanga, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika+. Azobigira yisunze icagezwe ca pasika be n’ukuntu ivyaco bisanzwe bigirwa+. Hakwiye kubaho icagezwe kimwe kuri mwebwe, haba kuri kavamahanga canke ku mvukira y’igihugu+.’”

  • Guharura 15:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mwebwe abo mw’ishengero be na kavamahanga abayeho ari kavamahanga muzogira icagezwe kimwe+. Kizoba icagezwe gushika igihe kitagira urugero ku mayaruka yanyu. Kavamahanga azoba cokimwe namwe imbere ya Yehova+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika