ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 27:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 “‘Kandi ic’icumi cose+ c’ivyo mw’itongo, kivuye ku mbuto yo mw’itongo no ku vyamye ku biti, ni ica Yehova. Ni ikintu ceranda kuri Yehova.

  • 2 Ngoma 31:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Iryo jambo rikimara gukwiragira, bene Isirayeli+ bongereza umushuzo w’intete+, umuvinyu mushasha+, n’amavuta+ n’ubuki+ n’umwimbu wose w’umurima+, hanyuma bazana ic’icumi c’ibintu vyose ku bwinshi+.

  • Nehemiya 10:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 N’ikindi kandi, umushuzo w’ifu itanoze+ yacu n’intererano+ zacu n’ivyamwa vy’ubwoko bwose bw’ibiti+, umuvinyu mushasha+ n’amavuta+, tubwirizwa kubizanira abaherezi, mu vyumba vy’uburiro+ vy’inzu y’Imana yacu, tukazanira kandi Abalewi+ ic’icumi c’umwimbu w’ubutaka bwacu, kuko Abalewi ari bo bakira ic’icumi mu bisagara vy’uburimyi vyacu vyose.

  • Nehemiya 12:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Vyongeye, kuri uwo musi hagenwa abagabo bajejwe ivyumba+ bigenewe ububiko+, intererano+, imishuzo+, n’ivy’icumi+, kugira ngo bavyegeranirizemwo imigabane ivuye mu turere tw’ibisagara, iyo itegeko+ ryasaba guha abaherezi n’Abalewi+; kuko Yuda yari yanezerejwe n’uko abaherezi n’Abalewi+ bari ku gikorwa.

  • Nehemiya 13:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nuko Yuda yose izana mu bubiko+ ic’icumi+ c’intete+ n’ic’umuvinyu mushasha+ n’ic’amavuta+.

  • Abagalatiya 6:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Vyongeye, umuntu wese ariko yigishwa+ ku munwa ijambo ry’Imana, nasangire+ ivyiza vyose n’uwutanga mwene iyo nyigisho+.

  • Abaheburayo 7:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ego ni ko, ba bantu bo muri bene Lewi+ baronka ibanga ryabo ry’ubuherezi barafise ibwirizwa ryo kwegeranya ivy’icumi+ mu bantu+ nk’uko Itegeko riri, ni ukuvuga muri bene wabo, naho nyene bano bakomotse mu mafyinga ya Aburahamu+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika