ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 nanje rero ibi ni vyo nzobagirira: mu kubahana nzobateza uruhagarara rw’igituntu+ n’inyonko iturira, bitume amaso yanyu agwabira+, mugoyagoye+. Muzobibira imbuto yanyu ubusa gusa, kuko abansi banyu batazobura kuyirya bakayirigata+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:51
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 51 Kandi bazorya koko icamwa c’ibitungwa vyawe n’icamwa c’ubutaka bwawe gushika uzimanganye+, kandi nta rutete, nta muvinyu mushasha canke amavuta, nta mutavu w’inka zawe canke uruvyaro rw’umukuku wawe bazogusigariza gushika bakuranduye+.

  • Nehemiya 9:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 umwimbu waco na wo ukaba uriko ugwira+ ku bw’abami+ washize kuri twebwe kubera ibicumuro vyacu+; bariko baganza imibiri yacu n’ibitungwa vyacu uko bagomba, kandi turi mu marushwa akomeye+.

  • Yesaya 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Igihugu canyu ni umusaka+, ibisagara vyanyu biturijwe umuriro+; ubutaka bwanyu—neza na neza imbere yanyu ni ho ab’ahandi+ bariko baburīra bakabuherengeteza+, kandi uwo musaka umeze nk’ahubitswe n’ab’ahandi+.

  • Yeremiya 5:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Bazorigata koko n’umwimbu wawe be n’umukate wawe+. Abo bagabo bazorigata abahungu bawe n’abakobwa bawe. Bazorigata imikuku yawe n’amasho yawe. Bazorigata umuzabibu wawe n’igiti c’umusukoni cawe+. Bazosavya n’inkota ibisagara vyawe bikingijwe ibihome wizigiye.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika