Abalewi 26:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 nanje rero ibi ni vyo nzobagirira: mu kubahana nzobateza uruhagarara rw’igituntu+ n’inyonko iturira, bitume amaso yanyu agwabira+, mugoyagoye+. Muzobibira imbuto yanyu ubusa gusa, kuko abansi banyu batazobura kuyirya bakayirigata+. Gusubira mu vyagezwe 28:51 Bibiliya y’isi nshasha 51 Kandi bazorya koko icamwa c’ibitungwa vyawe n’icamwa c’ubutaka bwawe gushika uzimanganye+, kandi nta rutete, nta muvinyu mushasha canke amavuta, nta mutavu w’inka zawe canke uruvyaro rw’umukuku wawe bazogusigariza gushika bakuranduye+. Nehemiya 9:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 umwimbu waco na wo ukaba uriko ugwira+ ku bw’abami+ washize kuri twebwe kubera ibicumuro vyacu+; bariko baganza imibiri yacu n’ibitungwa vyacu uko bagomba, kandi turi mu marushwa akomeye+. Yesaya 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Igihugu canyu ni umusaka+, ibisagara vyanyu biturijwe umuriro+; ubutaka bwanyu—neza na neza imbere yanyu ni ho ab’ahandi+ bariko baburīra bakabuherengeteza+, kandi uwo musaka umeze nk’ahubitswe n’ab’ahandi+. Yeremiya 5:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Bazorigata koko n’umwimbu wawe be n’umukate wawe+. Abo bagabo bazorigata abahungu bawe n’abakobwa bawe. Bazorigata imikuku yawe n’amasho yawe. Bazorigata umuzabibu wawe n’igiti c’umusukoni cawe+. Bazosavya n’inkota ibisagara vyawe bikingijwe ibihome wizigiye.”
16 nanje rero ibi ni vyo nzobagirira: mu kubahana nzobateza uruhagarara rw’igituntu+ n’inyonko iturira, bitume amaso yanyu agwabira+, mugoyagoye+. Muzobibira imbuto yanyu ubusa gusa, kuko abansi banyu batazobura kuyirya bakayirigata+.
51 Kandi bazorya koko icamwa c’ibitungwa vyawe n’icamwa c’ubutaka bwawe gushika uzimanganye+, kandi nta rutete, nta muvinyu mushasha canke amavuta, nta mutavu w’inka zawe canke uruvyaro rw’umukuku wawe bazogusigariza gushika bakuranduye+.
37 umwimbu waco na wo ukaba uriko ugwira+ ku bw’abami+ washize kuri twebwe kubera ibicumuro vyacu+; bariko baganza imibiri yacu n’ibitungwa vyacu uko bagomba, kandi turi mu marushwa akomeye+.
7 Igihugu canyu ni umusaka+, ibisagara vyanyu biturijwe umuriro+; ubutaka bwanyu—neza na neza imbere yanyu ni ho ab’ahandi+ bariko baburīra bakabuherengeteza+, kandi uwo musaka umeze nk’ahubitswe n’ab’ahandi+.
17 Bazorigata koko n’umwimbu wawe be n’umukate wawe+. Abo bagabo bazorigata abahungu bawe n’abakobwa bawe. Bazorigata imikuku yawe n’amasho yawe. Bazorigata umuzabibu wawe n’igiti c’umusukoni cawe+. Bazosavya n’inkota ibisagara vyawe bikingijwe ibihome wizigiye.”