ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze Imana yongera kubwira Musa iti:

      “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+, yabantumyeko.’ Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero*+, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi+.

  • Kuvayo 6:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi narabonekera Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+ bwa Mana Mushoboravyose+, mugabo ntaho nimenyekanishije kuri bo mw’izina ryanje Yehova+.

  • Kuvayo 20:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Ndi Yehova Imana yawe+ yagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+.

  • Zaburi 83:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kugira bamenye+ yuko wewe, uwitwa Yehova+,

      Ari wewe wenyene Musumbavyose+ kw’isi yose+.

  • Zaburi 113:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+,

      Izina rya Yehova ni iryo gushemezwa+.

  • Yesaya 42:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje+; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje+, eka sinzoha ishemezo ryanje+ ibishusho bibajwe+.

  • Malaki 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nimutumviriza+, kandi nimutashira ku mutima+ ivyo guha ubuninahazwa izina ryanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nanje sinzobura kubarungikako umuvumo+, mvume imihezagiro yanyu+. Egome, mbere umuhezagiro narawuvumye, kuko mutabishira ku mutima.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika