Gusubira mu vyagezwe 7:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Kandi, kubera ko mubandanya kwumviriza izi ngingo z’ubutungane, mukazigumya kandi mukazishitsa+, Yehova Imana yawe azogumya koko ku bijanye na wewe rya sezerano+ na bwa buntu bwuzuye urukundo, bimwe yarahira ba sogokuruza bawe+. Gusubira mu vyagezwe 7:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Kandi Yehova ata gukeka azogukurako indwara yose. Na za ndwara mbi zose zo mu Misiri wamenya+, nta zo azogushirako. Azozishira ku bakwanka bose. Gusubira mu vyagezwe 28:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 “Yehova azoguteza vya bihute vyo mu Misiri+, n’ibivyimba*, n’intuta, n’ibiturika, ivyo utazoshobora gukira. Amosi 4:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “‘Nabarungitsemwo ikiza kimeze nka kimwe co mu Misiri+. Nicishije inkota imisore yanyu+, amafarasi yanyu agirwa imbohe+. Nagumye ntuma umuduhu wo mu makambi yanyu uduga mu mazuru yanyu+; mugabo ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
12 “Kandi, kubera ko mubandanya kwumviriza izi ngingo z’ubutungane, mukazigumya kandi mukazishitsa+, Yehova Imana yawe azogumya koko ku bijanye na wewe rya sezerano+ na bwa buntu bwuzuye urukundo, bimwe yarahira ba sogokuruza bawe+.
15 Kandi Yehova ata gukeka azogukurako indwara yose. Na za ndwara mbi zose zo mu Misiri wamenya+, nta zo azogushirako. Azozishira ku bakwanka bose.
27 “Yehova azoguteza vya bihute vyo mu Misiri+, n’ibivyimba*, n’intuta, n’ibiturika, ivyo utazoshobora gukira.
10 “‘Nabarungitsemwo ikiza kimeze nka kimwe co mu Misiri+. Nicishije inkota imisore yanyu+, amafarasi yanyu agirwa imbohe+. Nagumye ntuma umuduhu wo mu makambi yanyu uduga mu mazuru yanyu+; mugabo ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.