ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Kandi, kubera ko mubandanya kwumviriza izi ngingo z’ubutungane, mukazigumya kandi mukazishitsa+, Yehova Imana yawe azogumya koko ku bijanye na wewe rya sezerano+ na bwa buntu bwuzuye urukundo, bimwe yarahira ba sogokuruza bawe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Kandi Yehova ata gukeka azogukurako indwara yose. Na za ndwara mbi zose zo mu Misiri wamenya+, nta zo azogushirako. Azozishira ku bakwanka bose.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 “Yehova azoguteza vya bihute vyo mu Misiri+, n’ibivyimba*, n’intuta, n’ibiturika, ivyo utazoshobora gukira.

  • Amosi 4:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘Nabarungitsemwo ikiza kimeze nka kimwe co mu Misiri+. Nicishije inkota imisore yanyu+, amafarasi yanyu agirwa imbohe+. Nagumye ntuma umuduhu wo mu makambi yanyu uduga mu mazuru yanyu+; mugabo ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika