ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 8:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+.

  • Kuvayo 16:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Maze Yehova abwira Musa ati: “Ehe ngira ndabacuncuburire umukate uvuye mu majuru+; kandi abantu baze basohoke umwe wese atore urugero rwiwe ku musi ku musi+, kugira ndabageze ndabe ko bazogendera canke batazogendera mw’itegeko ryanje+.

  • 1 Ngoma 28:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.

  • Zaburi 139:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Urazi iyicara ryanje n’ihaguruka ryanje+.

      Warimbūriye kure iciyumviro canje+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika