Gusubira mu vyagezwe 7:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ahubwo kubera ko Yehova abakunda+, no kubera ko agumya indahiro yari yararahiye ba sogokuruza banyu+, ni co catumye Yehova abakuzayo ikiganza gikomeye+, kugira ngo abacungure abakure mu nzu y’abashumba+, mu kuboko kwa Farawo umwami wa Misiri. Gusubira mu vyagezwe 23:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Yehova Imana yawe ntiyashatse kwumviriza Balamu+. Mugabo Yehova Imana yawe yahinduye uyo muvumo umuhezagiro ku bwawe+, kuko Yehova Imana yawe yagukunze+. Zaburi 47:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Azoduhitiramwo intoranwa yacu+,Ivyishimo vya Yakobo, uwo yakunze+. Sela. Hoseya 11:1 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Igihe Isirayeli yari agahungu naramukunda+, kandi nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri+.
8 Ahubwo kubera ko Yehova abakunda+, no kubera ko agumya indahiro yari yararahiye ba sogokuruza banyu+, ni co catumye Yehova abakuzayo ikiganza gikomeye+, kugira ngo abacungure abakure mu nzu y’abashumba+, mu kuboko kwa Farawo umwami wa Misiri.
5 Yehova Imana yawe ntiyashatse kwumviriza Balamu+. Mugabo Yehova Imana yawe yahinduye uyo muvumo umuhezagiro ku bwawe+, kuko Yehova Imana yawe yagukunze+.