19 Mugabo se wiwe aranka, avuga ati: “Ndabizi, mwananje, ndabizi. Na we nyene azoba igisata c’abantu, kandi na we nyene azoba uwukomeye+. Yamara rero, murumunawe azoba uwukomeye kumurusha+, kandi uruvyaro rwiwe ruzogwira cane ku buryo ruvamwo amahanga akwiye+.”