ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 15:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?

      Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+?

      Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:39
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 39 Ubu rero nimubone ko jewe ubwanje ndi we+

      Kandi nta zindi mana turi kumwe+.

      Ndica, nkabeshaho+.

      Narakomerekeje cane+, kandi ni jewe nzokiza+,

      Kandi nta wushikura mu kuboko kwanje+.

  • 1 Samweli 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Nta n’umwe ari mweranda nka Yehova, kuko ata n’umwe ariho kiretse wewe+;

      Kandi nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu+.

  • Yesaya 45:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze, Umuremyi w’amajuru+, We Mana y’ukuri+, Uwabumvye isi akayihingura+, We yayishimangiye+, ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu+: “Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho+.

  • Mariko 12:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Nya mwanditsi amubwira ati: “Mwigisha, uvuze neza mu buryo buhuye n’ukuri, ‘Ni Umwe, kandi nta wundi ariho atari We+’;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika