2 Samweli 7:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Jewe ubwanje nzomubera se+, na we azombera umwana+. Niyakora nabi, nzomukangira n’inkoni+ y’abantu be n’ugukubita kw’abana ba Adamu. Imigani 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 kuko uwo Yehova akunda amukangira+, nk’uko se akangira umwana amuhimbara+. 1 Abakorinto 11:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Ariko iyo duciriwe urubanza+, tuba dutojwe indero na Yehova+, kugira ntidutsindirwe+ hamwe n’isi+. Abaheburayo 12:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 kuko uwo Yehova akunda amutoza indero; nkako, ahushagura uwo wese yakira nk’umwana wiwe+.” Ivyahishuwe 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “‘Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero+. Nugire umwete rero, wigaye+.
14 Jewe ubwanje nzomubera se+, na we azombera umwana+. Niyakora nabi, nzomukangira n’inkoni+ y’abantu be n’ugukubita kw’abana ba Adamu.
32 Ariko iyo duciriwe urubanza+, tuba dutojwe indero na Yehova+, kugira ntidutsindirwe+ hamwe n’isi+.