Gusubira mu vyagezwe 4:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.” Yosuwa 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Gusa ugire umutima rugabo kandi ukomere cane kugira witwararike gukora wisunze itegeko ryose Musa umusavyi wanje yagutegetse+. Ntukevye ngo uve kuri ryo, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ukorane ubukerebutsi aho uzoja hose+. Yesaya 1:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Nimwerekana ugushaka kandi mukumviriza koko, muzorya ivyiza vy’igihugu+.
40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.”
7 “Gusa ugire umutima rugabo kandi ukomere cane kugira witwararike gukora wisunze itegeko ryose Musa umusavyi wanje yagutegetse+. Ntukevye ngo uve kuri ryo, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ukorane ubukerebutsi aho uzoja hose+.