1 Samweli 15:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Samweli yongerako ati: “Mbega igihe wari mutoyi mu maso yawe bwite+ si ho waba umukuru w’imiryango ya Isirayeli, maze Yehova akakurobanuza amavuta+ ngo ube umwami wo kuganza Isirayeli? 2 Ngoma 32:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Mugabo Hezekiya ntiyishura ivyiza yagiriwe+, kuko umutima wiwe wagize ubwibone+ bigatuma arakarirwa+, we na Yuda na Yeruzalemu. Zaburi 131:1 Bibiliya y’isi nshasha 131 Ewe Yehova, umutima wanje ntiwagize ubwibone+,Canke ngo amaso yanje yishire hejuru+;Nta n’ubwo nagendeye mu bintu bihambaye kurenza+,Canke mu bintu vy’agatangaza bindengeye+. Mariko 10:42 Bibiliya y’isi nshasha 42 Mugabo Yezu amaze kubahamagara ngo baze kuri we, ababwira ati: “Murazi yuko ababoneka ko baganza amahanga bayakandamiza, be n’uko abakomakomeye bayo bayereka ko bayafiseko ububasha+. 1 Petero 5:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.
17 Samweli yongerako ati: “Mbega igihe wari mutoyi mu maso yawe bwite+ si ho waba umukuru w’imiryango ya Isirayeli, maze Yehova akakurobanuza amavuta+ ngo ube umwami wo kuganza Isirayeli?
25 Mugabo Hezekiya ntiyishura ivyiza yagiriwe+, kuko umutima wiwe wagize ubwibone+ bigatuma arakarirwa+, we na Yuda na Yeruzalemu.
131 Ewe Yehova, umutima wanje ntiwagize ubwibone+,Canke ngo amaso yanje yishire hejuru+;Nta n’ubwo nagendeye mu bintu bihambaye kurenza+,Canke mu bintu vy’agatangaza bindengeye+.
42 Mugabo Yezu amaze kubahamagara ngo baze kuri we, ababwira ati: “Murazi yuko ababoneka ko baganza amahanga bayakandamiza, be n’uko abakomakomeye bayo bayereka ko bayafiseko ububasha+.
5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.