7Nuko bene Isirayeli barahemuka ku bijanye n’ikintu co gutikizwa, kuko Akani+ mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, yatoye ku kintu co gutikizwa+. Ishavu rya Yehova rica rirurumbira bene Isirayeli+.
20 Mbega Akani+ mwene Zera si we yakoze ikintu c’ubuhemu ku bijanye n’ikintu cari ico gutikizwa yamara ikoraniro ryose rya Isirayeli rikaba ari ryo rirakarirwa+? Kandi si we wenyene yapfiriye mw’ikosa ryiwe+.’”