16Nuko ubupfindo+ burasohoka ku bwa bene Yozefu+; akarere kabo kahera kuri Yorodani+ aharabana n’i Yeriko kakagenda kerekeza ku mazi ya Yeriko amaja mu buseruko, kerekeza mu gahinga kaduga mu karere k’imisozi ka Beteli+ kavuye i Yeriko.
12 Urubibe rwabo rwari mu mfuruka yo mu buraruko uhereye kuri Yorodani, rukaduga rwerekeza ku mumanuko wa Yeriko+ mu buraruko hanyuma rukaduga ku musozi amaja mu burengero, rukagarukira mu gahinga ka Beti-aveni+.