39 Arahafata, be n’umwami waho n’ibisagara vyaho vyose, babakubitisha ubugi bw’inkota bongera batikiza igifise ubuzima cose cariyo+. Ntiyasigaza n’umwe+. Agirira Debiri n’umwami waho nk’uko nyene yari yagiriye Heburoni kandi nk’uko nyene yari yagiriye Libuna n’umwami waho+.