ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Sinzobirukana ngo bakuve imbere mu mwaka umwe, kugira ngo igihugu ntigicike igiharabuga, n’ibikoko vy’ibinyeshamba bikagwira koko bikakugirira nabi+.

  • Guharura 33:55
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 55 “‘Ariko nimutirukana ababa muri ico gihugu ngo bave imbere yanyu+, abo muzosigaza muri bo ntibazobura kubabera nk’ibintu bibazibura mu maso, bababere kandi nk’amahwa mu mbavu; emwe, bazobatoteza mu gihugu muzoba mubayemwo+.

  • Abacamanza 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kandi bene Benyamini ntibirukanye Abayebusi baba i Yeruzalemu+; mugabo Abayebusi baracabana na bene Benyamini i Yeruzalemu gushika n’uyu musi+.

  • Abacamanza 2:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Yehova rero yararetse ayo mahanga, ntiyayirukana ningoga+, ntiyayatanga mu kuboko kwa Yosuwa.

  • Abacamanza 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Aguma ari ibikoresho vyo kugezesha+ Isirayeli kugira ngo hamenyekane nimba bogamburutse amabwirizwa ya Yehova, ayo yari yarategetse ba se biciye kuri Musa+.

  • Abacamanza 19:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Bari hafi ya Yebusi, kubera ko umurango wari witereye rwose+, nya musuku rero abwira shebuja ati: “Enda rero nuze dukebereze muri iki gisagara c’Abayebusi+, turareyo.”

  • 2 Samweli 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko umwami n’abantu biwe baja i Yeruzalemu kurwanya Abayebusi+ baba mu gihugu; bano batangura kubwira Dawidi bati: “Ntuzokwinjira ng’aha, mugabo impumyi n’ibimuga bazogusubiza inyuma ata kabuza+,” kuko biyumvira bati: “Dawidi ntazokwinjira ng’aha.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika