Gusubira mu vyagezwe 16:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 “Ukwiye kwishiriraho abacamanza+ n’abarongozi+ mu marembo yawe yose Yehova Imana yawe agira aguhe hakurikijwe imiryango yawe, na bo bategerezwa gucira abantu urubanza rugororotse. Gusubira mu vyagezwe 22:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 se w’uyo mukobwa na nyina wiwe baze batore ikimenyamenya c’ubusugi bw’uyo mukobwa, bakizanire abagabo b’inararibonye b’ico gisagara kw’irembo ryaco+, Rusi 4:1 Bibiliya y’isi nshasha 4 Bowazi na we aduga kw’irembo+, yicaraho. Maze aza abona wa mucunguzi ararenganye, umwe Bowazi yari yavuze+. Aca avuga ati: “Kevya wicare hano, yewe naka.” Nuko arakevya, aricara. Yobu 29:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Igihe nasohoka kw’irembo iruhande y’igisagara+,Ngategura icicaro canje mu kibanza ca bose+! Imigani 31:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Inawe+ ni umuntu azwi mu marembo+, iyo yicaranye n’abagabo b’inararibonye b’igihugu.
18 “Ukwiye kwishiriraho abacamanza+ n’abarongozi+ mu marembo yawe yose Yehova Imana yawe agira aguhe hakurikijwe imiryango yawe, na bo bategerezwa gucira abantu urubanza rugororotse.
15 se w’uyo mukobwa na nyina wiwe baze batore ikimenyamenya c’ubusugi bw’uyo mukobwa, bakizanire abagabo b’inararibonye b’ico gisagara kw’irembo ryaco+,
4 Bowazi na we aduga kw’irembo+, yicaraho. Maze aza abona wa mucunguzi ararenganye, umwe Bowazi yari yavuze+. Aca avuga ati: “Kevya wicare hano, yewe naka.” Nuko arakevya, aricara.