Gusubira mu vyagezwe 13:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 ngo: ‘Hari abagabo b’imburakimazi basohotse bava hagati yawe+ kugira bagerageze guhindukiza ababa mu gisagara cabo+, bavuga ngo: “Tugende dukorere izindi mana,” izo mutamenye,’ Abacamanza 20:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ubu rero nimutange abo bagabo+, abo bagabo b’imburakimazi+ bari i Gibeya+, kugira tubice+, dukure ikibi muri Isirayeli+.” Ariko bene Benyamini ntibashaka kwumviriza ijwi rya bene wabo, bene Isirayeli+. Imigani 6:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Umuntu w’imburakimazi+, umuntu akora ibibabaza, usanga agendana imvugo ihetaraye+, Imigani 16:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Umuntu w’imburakimazi arimba ibibi+, kandi ku minwa yiwe ni nk’aho hari umuriro uturira+. Nahumu 1:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 “Ehe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro+. Ewe Yuda, himbaza imisi mikuru yawe+. Shitsa indagano zawe+; kuko ata muntu w’imburakimazi azosubira guca muri wewe+. Vy’ukuri azorandurwa wese uko yakabaye+.”
13 ngo: ‘Hari abagabo b’imburakimazi basohotse bava hagati yawe+ kugira bagerageze guhindukiza ababa mu gisagara cabo+, bavuga ngo: “Tugende dukorere izindi mana,” izo mutamenye,’
13 Ubu rero nimutange abo bagabo+, abo bagabo b’imburakimazi+ bari i Gibeya+, kugira tubice+, dukure ikibi muri Isirayeli+.” Ariko bene Benyamini ntibashaka kwumviriza ijwi rya bene wabo, bene Isirayeli+.
15 “Ehe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro+. Ewe Yuda, himbaza imisi mikuru yawe+. Shitsa indagano zawe+; kuko ata muntu w’imburakimazi azosubira guca muri wewe+. Vy’ukuri azorandurwa wese uko yakabaye+.”