ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 19:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Akarere ka bene Dani kari kabagiye rwose+. Nuko bene Dani baraduga, barwanya Leshemu+ barahafata hanyuma bahakubitisha ubugi bw’inkota. Maze barahigarurira, barahaba, hanyuma Leshemu bayita Dani bisunze izina rya Dani sekuruza wabo+.

  • Abacamanza 18:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Vyongeye, ico gisagara bacita Dani bisunze izina rya se Dani+, uwari yavutse kuri Isirayeli+. Ariko mu ntango ico gisagara citwa Layishi+.

  • 2 Samweli 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 nkimura ubwami ndabukuye mu nzu ya Sauli kandi ngashinga intebe y’ubwami ya Dawidi, kuri Isirayeli no kuri Yuda, kuva i Dani gushika Beyeri-sheba+.”

  • 1 Ngoma 21:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nuko Dawidi abwira Yowabu+ n’abakuru b’abantu ati: “Gende muharure+ Isirayeli kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+ muheze munzanire ivyo mwaharuye kugira ngo menye igitigiri cabo+.”

  • 2 Ngoma 30:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Bafata rero ingingo y’uko haterwa akamo+ muri Isirayeli yose, kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+, kugira baze guhimbariza pasika Yehova Imana ya Isirayeli i Yeruzalemu; kuko batari babigize ari benshi+, nk’uko vyanditswe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika