Yosuwa 19:47 Bibiliya y’isi nshasha 47 Akarere ka bene Dani kari kabagiye rwose+. Nuko bene Dani baraduga, barwanya Leshemu+ barahafata hanyuma bahakubitisha ubugi bw’inkota. Maze barahigarurira, barahaba, hanyuma Leshemu bayita Dani bisunze izina rya Dani sekuruza wabo+. Abacamanza 18:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Vyongeye, ico gisagara bacita Dani bisunze izina rya se Dani+, uwari yavutse kuri Isirayeli+. Ariko mu ntango ico gisagara citwa Layishi+. 2 Samweli 3:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 nkimura ubwami ndabukuye mu nzu ya Sauli kandi ngashinga intebe y’ubwami ya Dawidi, kuri Isirayeli no kuri Yuda, kuva i Dani gushika Beyeri-sheba+.” 1 Ngoma 21:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nuko Dawidi abwira Yowabu+ n’abakuru b’abantu ati: “Gende muharure+ Isirayeli kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+ muheze munzanire ivyo mwaharuye kugira ngo menye igitigiri cabo+.” 2 Ngoma 30:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Bafata rero ingingo y’uko haterwa akamo+ muri Isirayeli yose, kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+, kugira baze guhimbariza pasika Yehova Imana ya Isirayeli i Yeruzalemu; kuko batari babigize ari benshi+, nk’uko vyanditswe+.
47 Akarere ka bene Dani kari kabagiye rwose+. Nuko bene Dani baraduga, barwanya Leshemu+ barahafata hanyuma bahakubitisha ubugi bw’inkota. Maze barahigarurira, barahaba, hanyuma Leshemu bayita Dani bisunze izina rya Dani sekuruza wabo+.
29 Vyongeye, ico gisagara bacita Dani bisunze izina rya se Dani+, uwari yavutse kuri Isirayeli+. Ariko mu ntango ico gisagara citwa Layishi+.
10 nkimura ubwami ndabukuye mu nzu ya Sauli kandi ngashinga intebe y’ubwami ya Dawidi, kuri Isirayeli no kuri Yuda, kuva i Dani gushika Beyeri-sheba+.”
2 Nuko Dawidi abwira Yowabu+ n’abakuru b’abantu ati: “Gende muharure+ Isirayeli kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+ muheze munzanire ivyo mwaharuye kugira ngo menye igitigiri cabo+.”
5 Bafata rero ingingo y’uko haterwa akamo+ muri Isirayeli yose, kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+, kugira baze guhimbariza pasika Yehova Imana ya Isirayeli i Yeruzalemu; kuko batari babigize ari benshi+, nk’uko vyanditswe+.