Abacamanza 3:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Bene Isirayeli rero batangura gutabaza Yehova+. Maze Yehova ahagurukiriza umukiza+ bene Isirayeli kugira ngo abakize, ari we Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mutoyi wa Kalebu+. Zaburi 50:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Numpamagare ku musi w’amarushwa+.Nzogutabara, nawe uzoninahaza+.” Zaburi 78:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Igihe cose yabica, ni ko na bo babaza ivyayo+,Bakagaruka, bakarondera Imana+. Zaburi 107:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+. Yeremiya 29:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza+.’
9 Bene Isirayeli rero batangura gutabaza Yehova+. Maze Yehova ahagurukiriza umukiza+ bene Isirayeli kugira ngo abakize, ari we Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mutoyi wa Kalebu+.