7 Nuko igisagara ca Kedeshi+ muri Galilaya mu karere k’imisozi ka Nafutali, n’ica Shekemu+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, n’ica Kiriyati-aruba+, ari co Heburoni, mu karere k’imisozi ka Yuda, babigira vyeranda.
32 Mu muryango wa Nafutali+ hatangwa igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Kedeshi+ muri Galilaya, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Hamoti-dori+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Karutani n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bitatu.