4 Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bantobekeranye koko, bangirire ivy’agashinyaguro.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+.