Abacamanza 11:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Maze Yefuta araganira indagano+ Yehova ati: “Niwatanga koko bene Amoni mu kuboko kwanje, Abacamanza 11:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 uwuzosohoka, agasohokana mu miryango y’inzu yanje aje kunsanganira ngarutse amahoro+ mvuye kuri bene Amoni, emwe, azoba uwa Yehova+, kandi nzomushikana bwa shikanwa riturirwa+.” Abanyefeso 6:1 Bibiliya y’isi nshasha 6 Bana, mugamburukire abavyeyi banyu+ mu bumwe+ n’Umukama, kuko ivyo bigororotse+: Abakolosayi 3:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Yemwe bana, mugamburukire+ abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama.
31 uwuzosohoka, agasohokana mu miryango y’inzu yanje aje kunsanganira ngarutse amahoro+ mvuye kuri bene Amoni, emwe, azoba uwa Yehova+, kandi nzomushikana bwa shikanwa riturirwa+.”