28 Maze Abusalomu ategeka abasuku biwe ati: “Ndabinginze mwitwararike iki kintu: umutima wa Amunoni ukimara kuryoherwa n’umuvinyu+, nanje nkababwira koko nti: ‘Nimugarike Amunoni!’, muce mumwica. Ntimutinye+. None si jewe ndabategetse? Mukomere kandi mube abagabo b’intwari.”