ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Rusi 3:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ico gihe Bowazi yariko ararya yongera anywa, kandi umutima wiwe wari uryohewe+. Maze aja kuryama ku mpera y’ikirundo c’intete. Hanyuma Rusi aza yomboka, amupfukura ku birenge araheza araryama.

  • 1 Samweli 25:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Mu nyuma Abigayili ashika aho Nabali ari, asanga ateretse inzimano mu nzu yiwe, inzimano imeze nk’iy’umwami+; umutima wa Nabali wari uryohewe, kandi yari yaborewe+ araherezako; Abigayili ntiyagira ikintu amubwira, ari gito canke kinini, gushika bukeye.

  • Esiteri 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ku musi ugira indwi, umutima w’umwami umaze kuryoherwa n’umuvinyu+, abwira Mehumani na Bizitana na Harubona+ na Bigita na Abagita na Zetari na Karikasi, abakozi indwi bo ku kirimba bakorera+ Umwami Ahasuwerusi,

  • Zaburi 104:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 N’umuvinyu unezereza umutima w’umuntu buntu+,

      Ngo akayanganishe mu maso amavuta+,

      N’umukate utunga umutima w’umuntu apfa+.

  • Umusiguzi 2:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nagenzuye ibintu nkoresheje umutima wanje mu kunezeresha umubiri wanje umuvinyu+, ariko nyobora umutima wanje nkoresheje ubukerebutsi+, kugira ngo ncakire ubupfu gushika mbonye iciza cari kihari ku bana b’abantu mu vyo bakoze munsi y’amajuru mu misi yose y’ubuzima bwabo+.

  • Umusiguzi 10:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Umukate ni uw’agatwengo k’abakozi, kandi umuvinyu uranezereza ubuzima+; mugabo amahera ni yo atorera inyishu vyose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika