9 Harubona+, umwe mu bakozi bo ku kirimba+ b’imbere y’umwami, aca avuga ati: “Mbere hariho igiti+ Hamani yateguriye Morudekayi, uwari yaravuze iciza ku vyerekeye umwami+, kikaba gihagaze mu nzu ya Hamani: kireha n’amatambwe mirongo itanu.” Umwami aca avuga ati: “Nimukimumanikeko+.”