Kuvayo 20:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi+. Abalewi 26:1 Bibiliya y’isi nshasha 26 “‘Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda, kandi ntimuze mushire mu gihugu canyu ibuye ry’igishusho c’indatwa+ kugira muryunamire+; kuko ndi Yehova Imana yanyu. Abacamanza 17:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Mugabo asubiza nyina izo feza, maze nyina afata ibice amajana abiri vy’ifeza, abiha umucuzi w’ifeza+. Uno akora igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; nuko biba mu nzu ya Mika. Zaburi 115:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+.
4 “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi+.
26 “‘Ntimuze mwihingurire imana ata co zimaze+, kandi ntimuze mwishingire igishusho c’ikibazano+ canke inkingi nyeranda, kandi ntimuze mushire mu gihugu canyu ibuye ry’igishusho c’indatwa+ kugira muryunamire+; kuko ndi Yehova Imana yanyu.
4 Mugabo asubiza nyina izo feza, maze nyina afata ibice amajana abiri vy’ifeza, abiha umucuzi w’ifeza+. Uno akora igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; nuko biba mu nzu ya Mika.