7 Maze Sauli abwira abasuku biwe bari bahagaze irya n’ino yiwe ati: “Ndabinginze mwumvirize yemwe Babenyamini. Mbega mwene Yese+ na we nyene azobaha mwese imirima be n’imirima y’imizabibu+? Mbega azobagena mwese kuba abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana?