Guharura 15:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Kuko ari ijambo rya Yehova yasuzuguye+ n’ibwirizwa ryiwe yarenze+, uwo muntu aze arandurwe ata kabuza+. Ikosa ryiwe riri kuri we+.’” Guharura 18:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Kandi bene Isirayeli ntibaze basubire kwegera hafi y’ihema ry’ihuriro ngo bikwegere igicumuro maze bapfe+. Gusubira mu vyagezwe 28:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 “Kandi nutumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe mu kwitwararika gushitsa amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi, iyi mivumo yose rero izokuzako, iguhamvye+: 1 Samweli 2:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nuko igicumuro ca nya basuku kiba igikomeye cane imbere ya Yehova+; kuko abo bagabo bagaya ishikanwa rya Yehova+. 1 Samweli 3:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ni co gituma narahiye inzu ya Eli yuko ikosa ry’inzu ya Eli ritazokurwako igihano biciye ku kimazi canke kw’ishikanwa, gushika igihe kitagira urugero+.” 2 Abami 22:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 kubera ko bampevye bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+ kugira ngo bambabarishe igikorwa cose c’amaboko yabo+, kandi ubushangashirwe bwanje burarurumbiye aha hantu, ntibuzozima+.’”’
31 Kuko ari ijambo rya Yehova yasuzuguye+ n’ibwirizwa ryiwe yarenze+, uwo muntu aze arandurwe ata kabuza+. Ikosa ryiwe riri kuri we+.’”
22 Kandi bene Isirayeli ntibaze basubire kwegera hafi y’ihema ry’ihuriro ngo bikwegere igicumuro maze bapfe+.
15 “Kandi nutumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe mu kwitwararika gushitsa amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi, iyi mivumo yose rero izokuzako, iguhamvye+:
17 Nuko igicumuro ca nya basuku kiba igikomeye cane imbere ya Yehova+; kuko abo bagabo bagaya ishikanwa rya Yehova+.
14 Ni co gituma narahiye inzu ya Eli yuko ikosa ry’inzu ya Eli ritazokurwako igihano biciye ku kimazi canke kw’ishikanwa, gushika igihe kitagira urugero+.”
17 kubera ko bampevye bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+ kugira ngo bambabarishe igikorwa cose c’amaboko yabo+, kandi ubushangashirwe bwanje burarurumbiye aha hantu, ntibuzozima+.’”’