1 Samweli 25:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Mugabo Nabali yishura abasuku ba Dawidi ati: “Dawidi ni nde+, kandi mwene Yese ni nde? Erega muri iyi misi abasuku batoroka, umwe wese avuye imbere ya shebuja, basigaye ari benshi+. Zaburi 35:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Bampemba ibibi ku vyiza+,Bagatera intuntu umutima wanje+. Zaburi 38:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Bampemvye ikibi ku ciza+;Bagumye bandwanya bampora ko nkurikirana iciza+. Zaburi 109:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Banyishura ikibi ku ciza+,N’urwanko ku rukundo rwanje+. Imigani 17:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nayo uwo wese yishura iciza ikibi+, ikibi ntikizova ku nzu yiwe+.
10 Mugabo Nabali yishura abasuku ba Dawidi ati: “Dawidi ni nde+, kandi mwene Yese ni nde? Erega muri iyi misi abasuku batoroka, umwe wese avuye imbere ya shebuja, basigaye ari benshi+.