23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”
27 Na we avuga ati: “Nimba Yehova atagukijije, nogukirisha ibivuye hehe+? Ibivuye ku mbuga y’ikubitiro canke mu ruganiro rw’umuvinyu canke mu ruganiro rw’amavuta?”