ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 18:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Nuko Musa atangura gutora muri Isirayeli yose abagabo babishoboye, abashinga amabanga yo kuba abakuru b’abantu+, abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi.

  • Abacamanza 21:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ku bw’ivyo abagabo b’inararibonye b’ikoraniro bavuga bati: “Tuzogirira iki abagabo basigaye, ku bijanye n’abagore, ko abagore bazimanganijwe muri Benyamini?”

  • 1 Samweli 4:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Abantu bashitse kw’ikambi, abagabo b’inararibonye ba Isirayeli batangura kuvuga bati: “Ni kubera iki Yehova adutsindiye uyu musi imbere y’Abafilisitiya+? Nimuze twizanire isandugu y’isezerano rya Yehova+ tuyikuye i Shilo, kugira ngo ize hagati muri twebwe, idukize mu kiganza c’abansi bacu.”

  • 2 Samweli 5:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Abagabo b’inararibonye+ ba Isirayeli bose baza rero ku mwami i Heburoni, maze Umwami Dawidi agirana isezerano+ na bo i Heburoni imbere ya Yehova; hanyuma barobanuza amavuta+ Dawidi ngo abe umwami wo kuganza Isirayeli+.

  • 1 Abami 20:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umwami wa Isirayeli aca ahamagara abagabo b’inararibonye bose b’igihugu+ maze avuga ati: “Ndabinginze murabe, mubone yuko uyu muntu ariko arondera icago+; kuko yantumyeko intumwa gusaba abagore banje n’abana banje n’ifeza zanje n’inzahabu zanje, sinabimwima.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika