ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 13:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “Kandi umuhungu wawe niyakubaza mu nyuma+ ati: ‘Ibi bisobanura iki?’, uze umubwire uti: ‘Inkomezi z’ukuboko ni zo Yehova yadukuje mu Misiri+, mu nzu y’abashumba+.

  • Kuvayo 14:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Gutyo, kuri uyo musi Yehova akiza Isirayeli ayikura mu kuboko kw’Abanyamisiri+, Isirayeli na yo iribonera Abanyamisiri bapfuye, ku nkengera y’ikiyaga+.

  • Gusubira mu vyagezwe 4:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Canke hari aho Imana yagerageje kuza gutora ihanga ngo iryizaneko irikuye hagati y’irindi hanga biciye ku bihinyuza+, ku bimenyetso+ no ku bitangaro+ no ku ntambara+ no ku kiganza gikomeye+ no ku kuboko kuramvuye+ no ku bubasha bukomeye kandi buteye ubwoba+, nka bimwe vyose Yehova Imana yanyu yabakorera mu Misiri mu maso yawe?

  • Abacamanza 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yehova arungika kuri bene Isirayeli umugabo umwe, umuhanuzi+, ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ni jewe nabaduganye ndabakuye mu Misiri+, gutyo ndabakura mu nzu y’abaja+.

  • Nehemiya 9:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Warabonye+ rero amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika