-
2 Abami 11:14Bibiliya y’isi nshasha
-
-
14 Maze aravye, abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi+, nk’uko umugenzo wari usanzwe uri, abakuru n’abavuza inzumbete+ bari iruhande y’umwami, abanyagihugu bose na bo bariko banezerwa+ bongera bavuza inzumbete. Ataliya+ aca atantamura impuzu ziwe maze atangura kuvuza induru ati: “Ni umugambi mubi! Ni umugambi mubi+!”
-
-
1 Ngoma 12:40Bibiliya y’isi nshasha
-
-
40 Abari hafi yabo, gushika kuri Isakari+ na Zebuloni+ na Nafutali+, na bo nyene baza barazana ibifungurwa ku ndogobwa+ no ku ngamiya no ku nyumpu no ku nka: ibiribwa vyo mw’ifu+, udutsima tw’insukoni zafyonzwe+ zikegerana n’udutsima tw’inzabibu zumye+ n’umuvinyu+ n’amavuta+ n’inka+ n’intama+ vyinshi, kuko hari umunezero+ muri Isirayeli.
-