ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 1:40
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 40 Hanyuma abantu bose baraduga bamukurikiye, kandi abantu bariko bavuza imyironge+ bongera banezerwa akanyamuneza kenshi+, ku buryo isi+ isaduka kubera urwamo rwabo.

  • 2 Abami 11:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Maze aravye, abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi+, nk’uko umugenzo wari usanzwe uri, abakuru n’abavuza inzumbete+ bari iruhande y’umwami, abanyagihugu bose na bo bariko banezerwa+ bongera bavuza inzumbete. Ataliya+ aca atantamura impuzu ziwe maze atangura kuvuza induru ati: “Ni umugambi mubi! Ni umugambi mubi+!”

  • 1 Ngoma 12:40
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 40 Abari hafi yabo, gushika kuri Isakari+ na Zebuloni+ na Nafutali+, na bo nyene baza barazana ibifungurwa ku ndogobwa+ no ku ngamiya no ku nyumpu no ku nka: ibiribwa vyo mw’ifu+, udutsima tw’insukoni zafyonzwe+ zikegerana n’udutsima tw’inzabibu zumye+ n’umuvinyu+ n’amavuta+ n’inka+ n’intama+ vyinshi, kuko hari umunezero+ muri Isirayeli.

  • Ivyahishuwe 19:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze numva ikimeze nk’ijwi ry’isinzi rinini, kimeze kandi nk’ijwi ry’amazi menshi, kimeze kandi nk’ijwi ry’imituragaro yasana. Bavuga bati: “Shemeze Ya+, kuko Yehova Imana yacu, Mushoboravyose+, atanguye kuganza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika