Kuvayo 19:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ubu rero nimwagamburuka vy’ukuri+ ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje+, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose+, kuko isi yose ari rwanje+. Gusubira mu vyagezwe 7:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Kuba Yehova yarabakunze ku buryo abatora, si uko ari mwe mwari benshi kuruta mu bisata vyose vy’abantu+, kuko ari mwe mwari bake kuruta mu bisata vyose+. Gusubira mu vyagezwe 14:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kuko muri igisata ceranda+ kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova akaba yabatoye ngo mube igisata ciwe, inyegu idasanzwe+, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka. Gusubira mu vyagezwe 32:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuko umuturi wa Yehova ari abantu biwe+;Yakobo ni we mugabane atorana+. Yesaya 43:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 abantu nibumbiye, ngo badonde ishemezo ryanje+.
5 Ubu rero nimwagamburuka vy’ukuri+ ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje+, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose+, kuko isi yose ari rwanje+.
7 “Kuba Yehova yarabakunze ku buryo abatora, si uko ari mwe mwari benshi kuruta mu bisata vyose vy’abantu+, kuko ari mwe mwari bake kuruta mu bisata vyose+.
2 Kuko muri igisata ceranda+ kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova akaba yabatoye ngo mube igisata ciwe, inyegu idasanzwe+, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka.