ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 15:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “Ndicujije+ koko kubona narimitse Sauli ngo abe umwami, kuko yasubiye inyuma+ akareka kunkurikira, kandi ntashitse amajambo yanje+.” Ivyo bibabaza Samweli+, aguma aririra Yehova ijoro ryose+.

  • 1 Samweli 15:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama;

  • 1 Samweli 15:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”

  • Zaburi 37:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Guma ucereje imbere ya Yehova+,

      Umurindire ubishashaye+.

      Nturungure kubera uwutuma inzira yiwe iroranirwa+,

      Kubera umuntu ashitsa ivyiyumviro afise+.

  • Imigani 11:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ukwita imbere kwaje? Agateterwe kazoza rero+; mugabo ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+.

  • Imigani 13:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kubera ukwita imbere, umuntu atera intambara gusa+, mugabo mu baja inama hari ubukerebutsi+.

  • Imigani 21:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Umwirasi nyawitimbere, uwishima: ni ryo zina ry’uwukorana ukwita imbere kw’ubusazi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika