1 Samweli 15:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Ndicujije+ koko kubona narimitse Sauli ngo abe umwami, kuko yasubiye inyuma+ akareka kunkurikira, kandi ntashitse amajambo yanje+.” Ivyo bibabaza Samweli+, aguma aririra Yehova ijoro ryose+. 1 Samweli 15:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama; 1 Samweli 15:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.” Zaburi 37:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Guma ucereje imbere ya Yehova+,Umurindire ubishashaye+.Nturungure kubera uwutuma inzira yiwe iroranirwa+,Kubera umuntu ashitsa ivyiyumviro afise+. Imigani 11:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ukwita imbere kwaje? Agateterwe kazoza rero+; mugabo ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+. Imigani 13:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kubera ukwita imbere, umuntu atera intambara gusa+, mugabo mu baja inama hari ubukerebutsi+. Imigani 21:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Umwirasi nyawitimbere, uwishima: ni ryo zina ry’uwukorana ukwita imbere kw’ubusazi+.
11 “Ndicujije+ koko kubona narimitse Sauli ngo abe umwami, kuko yasubiye inyuma+ akareka kunkurikira, kandi ntashitse amajambo yanje+.” Ivyo bibabaza Samweli+, aguma aririra Yehova ijoro ryose+.
22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama;
23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”
7 Guma ucereje imbere ya Yehova+,Umurindire ubishashaye+.Nturungure kubera uwutuma inzira yiwe iroranirwa+,Kubera umuntu ashitsa ivyiyumviro afise+.