1 Samweli 14:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.” 2 Samweli 5:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Niwumva urwamo rw’imirindi hejuru ya nya bisaka vy’imibaka, uce ukora ata gusuha+, kuko ico gihe Yehova azoba yakwitangiye imbere kugira asasike ikambi y’Abafilisitiya+.” 2 Abami 6:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Mugabo avuga ati: “Ntutinye+, kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo+.” Imigani 3:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Wizigire Yehova n’umutima wawe+ wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite+. Imigani 16:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nuragize ibikorwa vyawe Yehova ubwiwe+, imigambi yawe izoheza ibe iyishimangiwe+.
6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.”
24 Niwumva urwamo rw’imirindi hejuru ya nya bisaka vy’imibaka, uce ukora ata gusuha+, kuko ico gihe Yehova azoba yakwitangiye imbere kugira asasike ikambi y’Abafilisitiya+.”