ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Uze umurimire ubutaka, wewe n’abahungu bawe n’abasuku bawe, kandi uze umwimburire umwimbu, uno uze ubere ibifungurwa abegukira umwuzukuru wa shobuja, na bo baze babirye; mugabo Mefibosheti, umwuzukuru wa shobuja, azokwama arira umukate ku meza yanje+.”

      Kandi Ziba yari afise abahungu cumi na batanu n’abasuku mirongo ibiri+.

  • Imigani 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Uwutanga cane azodoheshwa+, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi+.

  • Matayo 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira+, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira; nkako, ico ni co Itegeko n’Abahanuzi bisobanura+.

  • Luka 6:38
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 38 Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha+. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye. Kuko ingero mugeresha ari yo namwe bazobagererako+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika