5 Umwami Dawidi ashika i Bahurimu+, maze umugabo umwe wo mu muryango w’inzu ya Sauli asohoka ng’aho, akaba yitwa Shimeyi+, mwene Gera; mu gusohoka, agenda arahamagarira akabi ku mwami+.
8 “Kandi ehe, iruhande yawe hari Shimeyi+ mwene Gera Umubenyamini w’i Bahurimu+; ni we yahamagariye akabi kuri jewe akoresheje umuvumo ubabaza+, umusi nariko nja i Mahanayimu+; kandi ni we yamanutse kunsanganira kuri Yorodani+, ku buryo ndamurahira Yehova nti: ‘Sinzokwicisha inkota+.’