4 Nuko umwami ababwira ati: “Ndakora ivyo mubona ko ari vyiza mu maso yanyu+.” Umwami rero aguma ahagaze iruhande y’irembo+, maze abantu bose basohoka ku rugamba ari amajanajana n’ibihumbihumbi+.
24 Kandi Dawidi yari yicaye hagati ya ya marembo abiri+. Ako kanya, inderetsi+ ija ku gisenge c’irembo iruhande y’uruhome. Maze iraramura amaso, ibona umugabo ariko yiruka ari wenyene.
10 Kandi umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami wa Yuda bari bicaye umwe wese ku ntebe y’ubwami yiwe, bambaye impuzu za cami+, ku mbuga y’ikubitiro, ku bwinjiriro bw’irembo rya Samariya; abahanuzi bose bariko bakora bwa bahanuzi imbere yabo+.
7 Ebedi-meleki Umunyetiyopiya+, umugabo yari inkone* kandi yaba mu nzu y’umwami, yumva ko bashize Yeremiya muri nya tangi; kandi umwami yari yicaye mw’Irembo rya Benyamini+.