1 Abami 20:36 Bibiliya y’isi nshasha 36 Ku bw’ivyo amubwira ati: “Kubera ko utumvirije ijwi rya Yehova, ehe ugiye gutandukana nanje kandi intambwe irakugarika ata kabuza.” Inyuma y’ivyo, aragenda avuye iruhande yiwe maze intambwe+ iramubona hanyuma iramugarika+. 2 Abami 17:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Maze batanguye kubayo, ntibatinya+ Yehova. Ku bw’ivyo Yehova abarungikamwo intambwe+, na zo zikaza zirabica. Amosi 5:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 ni nk’igihe umuntu ahunga intambwe hanyuma agahura n’idubu; kandi ni nk’igihe yinjira mu nzu, agafadikiza ikiganza ciwe ku ruhome, hanyuma inzoka ikamukomora+.
36 Ku bw’ivyo amubwira ati: “Kubera ko utumvirije ijwi rya Yehova, ehe ugiye gutandukana nanje kandi intambwe irakugarika ata kabuza.” Inyuma y’ivyo, aragenda avuye iruhande yiwe maze intambwe+ iramubona hanyuma iramugarika+.
25 Maze batanguye kubayo, ntibatinya+ Yehova. Ku bw’ivyo Yehova abarungikamwo intambwe+, na zo zikaza zirabica.
19 ni nk’igihe umuntu ahunga intambwe hanyuma agahura n’idubu; kandi ni nk’igihe yinjira mu nzu, agafadikiza ikiganza ciwe ku ruhome, hanyuma inzoka ikamukomora+.