1 Samweli 28:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Sauli ariyoberanya+ rero, yambara izindi mpuzu maze aragenda, ari kumwe n’abagabo babiri; bashika kuri nya mugore mw’ijoro+. Nuko Sauli avuga ati: “Ndakwinginze undagurire+ biciye ku vy’ukuvugana n’ibiremwa vy’impwemu, undugirize uwo nkurangira.” 2 Samweli 14:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Yowabu atuma rero i Tekowa+ gukurayo umugore w’inkerebutsi+ maze amubwira ati: “Enda ja mu kigandaro, wambare impuzu z’ikigandaro, kandi ntiwisige amavuta+; ube nk’umugore, emwe, umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye+. 1 Abami 22:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: “Ndaza kwiyoberanya maze ninjire mu rugamba+, mugabo wewe, wambare impuzu zawe za cami+.” Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya+ araheza yinjira mu rugamba+.
8 Sauli ariyoberanya+ rero, yambara izindi mpuzu maze aragenda, ari kumwe n’abagabo babiri; bashika kuri nya mugore mw’ijoro+. Nuko Sauli avuga ati: “Ndakwinginze undagurire+ biciye ku vy’ukuvugana n’ibiremwa vy’impwemu, undugirize uwo nkurangira.”
2 Yowabu atuma rero i Tekowa+ gukurayo umugore w’inkerebutsi+ maze amubwira ati: “Enda ja mu kigandaro, wambare impuzu z’ikigandaro, kandi ntiwisige amavuta+; ube nk’umugore, emwe, umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye+.
30 Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: “Ndaza kwiyoberanya maze ninjire mu rugamba+, mugabo wewe, wambare impuzu zawe za cami+.” Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya+ araheza yinjira mu rugamba+.