5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
7 izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi+, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro+, mugabo ikaba itazogenda ikuye igihano ku muntu+; izana igihano ku bana no ku buzukuru ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.”