24 Mu nyuma umwami wa Ashuri azana abantu abakuye i Babiloni+ n’i Kuti n’i Ava+ n’i Hamati+ n’i Sefaruvayimu+, abashira mu bisagara vy’i Samariya+ mu kibanza ca bene Isirayeli ngo babeyo; nuko batangura kwigarurira Samariya no kuba mu bisagara vyaho.
6“Baragowe abiraramiye+ i Siyoni be n’abizigira umusozi wa Samariya! Abo ni abanyacubahiro bo mw’ihanga rihambaye kuruta ayandi, kandi ni bo inzu ya Isirayeli yaje igana.