Zaburi 18:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuko nagumije inzira za Yehova+,Kandi sinakoze nabi ngo mvirire Imana yanje+. Zaburi 71:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ewe Mana, wanyigishije kuva mu buto bwanje+,Kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe vy’agatangaza+. Imigani 8:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse. Umusiguzi 7:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Vyiza ni uko wofata kimwe, mugabo n’ico kindi ntugikureko ukuboko kwawe+; kuko uwutinya Imana azobijana vyose+. Umusiguzi 12:1 Bibiliya y’isi nshasha 12 Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye+ mu misi y’ubusore bwawe+, imbere y’uko imisi y’ivyago itangura kuza+, canke ngo imyaka ishike, aho uzovuga uti: “Ntibimpimbara+”; Yesaya 50:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ni nde muri mwebwe atinya+ Yehova, akumviriza ijwi ry’umusavyi wiwe+, akaba yagendeye mu mwiza w’urudaca+ kandi ntabone ukwakaka? Niyizigire izina rya Yehova+, yishimikize Imana yiwe+.
17 Ewe Mana, wanyigishije kuva mu buto bwanje+,Kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe vy’agatangaza+.
13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.
18 Vyiza ni uko wofata kimwe, mugabo n’ico kindi ntugikureko ukuboko kwawe+; kuko uwutinya Imana azobijana vyose+.
12 Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye+ mu misi y’ubusore bwawe+, imbere y’uko imisi y’ivyago itangura kuza+, canke ngo imyaka ishike, aho uzovuga uti: “Ntibimpimbara+”;
10 Ni nde muri mwebwe atinya+ Yehova, akumviriza ijwi ry’umusavyi wiwe+, akaba yagendeye mu mwiza w’urudaca+ kandi ntabone ukwakaka? Niyizigire izina rya Yehova+, yishimikize Imana yiwe+.