31 Yowasi+ aca abwira abari bahagaze bahanganye na we+ bose ati: “Mbega ni mwebwe muburanira Bayali kugira murabe ko mwoyikiza? Uwuyiburanira wese abwirizwa kwicwa muri iki gitondo nyene+. Nimba ari Imana+, niyiburanire+, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.”