17 Maze avuga ati: “Ugurura idirisha ryerekeye mu buseruko.” Nuko araryugurura. Amaherezo Elisha avuga ati: “Rasa!” Nuko ararasa. Elisha avuga rero ati: “Umwampi wa Yehova w’ubukiriro, egome, umwampi w’ubukiriro+ wo kurwanya Siriya! Ata gukeka uzokubitira Siriya i Afeki+ gushika iherengeteye.”