18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:
31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+.
24 Ahantu hose ubworo bw’ikirenge canyu buzohonyora hazocika rwanyu+. Kuva ku gahinga gushika i Libani, kuva kuri rwa Ruzi, uruzi Efurate, gushika ku kiyaga co mu burengero, ni ho urubibe rwanyu ruzoshika+.
16 Abasiriya babonye ko batsinzwe+ imbere ya Isirayeli, barungika intumwa kuzana Abasiriya bari mu karere ka rwa Ruzi+, Shofaki* umukuru w’ingabo za Hadadezeri akaba ari we yari abagiye imbere.