ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 15:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:

  • Kuvayo 23:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+.

  • Gusubira mu vyagezwe 11:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ahantu hose ubworo bw’ikirenge canyu buzohonyora hazocika rwanyu+. Kuva ku gahinga gushika i Libani, kuva kuri rwa Ruzi, uruzi Efurate, gushika ku kiyaga co mu burengero, ni ho urubibe rwanyu ruzoshika+.

  • 2 Samweli 8:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Dawidi atsinda kandi Hadadezeri+ mwene Rehobu umwami wa Zoba+, mu gihe uno yariko aja gusubizaho ububasha bwiwe ku ruzi Efurate+.

  • 1 Ngoma 19:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Abasiriya babonye ko batsinzwe+ imbere ya Isirayeli, barungika intumwa kuzana Abasiriya bari mu karere ka rwa Ruzi+, Shofaki* umukuru w’ingabo za Hadadezeri akaba ari we yari abagiye imbere.

  • Zaburi 72:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Azogira abatwarwa kuva ku kiyaga gushika ku kindi+,

      No kuva kuri rwa Ruzi+ gushika ku mpera z’isi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika