7 Hindukire mufate inzira, mwinjire mu karere k’imisozi k’Abamori+ no mu babanyi babo bose i Araba+, akarere k’imisozi+ na Shefela* na Negebu+ n’inkengera y’ikiyaga+, igihugu c’Abanyakanani+, na Libani+, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+.
4 Guhera mu gahinga, n’iyi Libani, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate, ni ukuvuga igihugu cose c’Abaheti+, no gushika ku Kiyaga Kinini amaja mu burengero bw’izuba, ni ko kazoba akarere kanyu+.