ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 12:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Muze mukore agakama ka ezobu+, mugakoze muri ya maraso ari mw’ibesani, mumije makeyi ku gice co hejuru y’umuryango no ku bishimaryango uko ari bibiri. Nta n’umwe muri mwebwe akwiye gusohoka hanze y’ubwinjiriro bw’inzu yiwe gushika mu gitondo.

  • Guharura 19:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Maze umugabo adahumanye+ aze atore ezobu+, ayikoze mu mazi, hanyuma ayacucagire nya hema, n’ivyombo vyose, n’abantu bari bari ng’aho, n’uwakoze kuri nya gufa canke agakora ku wagandaguwe canke ku kiziga canke ku mva.

  • Zaburi 51:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Ese wontyorora igicumuro ukoresheje ezobu, nkaba uwudahumanye+;

      Ese wonyoza, nkera mbere kurusha shelegi*+.

  • Abaheburayo 9:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kuko igihe Musa yari amaze kubwira abantu bose ibwirizwa rimwerimwe ryose nk’uko Itegeko riri+, yafashe amaraso y’ibimasa n’ay’impene n’amazi n’ubwoya bw’agahama na ezobu+ akamijagira igitabu ubwaco n’abantu bose,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika